Umukuru w’Igihugu yashikirije uwundi arongoye Komine Kiganda

Kuri uyu wa kabiri mu gatondo, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yaragendeye Komine Kiganda iri mu ntara ya Gitega, aho yashikirije icese uwundi arongoye komine, Madamu Diane Irakoze, imbere y’isinzi ry’abantu bari bateraniye ku kibuga ca paruwase ya Munanira.

Umukuru w’Igihugu yabanje gushimira abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega ku kuntu batoye abategetsi babo mu mutekano n’ituze. Yavuze ko Komine Kiganda, irimwo n’iyahoze ari Rutegama, ifise kazoza keza, kuko yama yerekana ubukerebutsi mu migambi y’iterambere.

Yagarutse kandi ku ngorane abanyagihugu bahura na zo, avuga ko ziterwa n’ukuba hataboneka abategetsi biyemeje vy’ukuri guteza imbere imibereho myiza y’abanyagihugu. Yaboneyeho gusaba ko buri munyagihugu wese yokwijukira mukuba imbona kazoza mw’Iterambere 2040–2060, akareka ubunebwe maze agashira inguvu mu kwubaka Uburundi bushasha.

Yaranahanuye abanyagihugu kwirinda ingeso mbi zica umuryango, harimwo ukutagira isuku, ubunebwe, kunywa inzoga cane, hamwe n’ukunywa ibinyobwa vyabujijwe.

Inyuma y’ivyo birori, Umukuru w’Igihugu yaragendeye itongo iri ku musozi wa Nyarunazi, mu karere ka Rutegama, irimwo imivyaro y’ivoka irenga 1500 yo mu bwoko bwa HASS, y’umushingwamanza Benjamin Niyokindi. Uwo mushingwamanza yaragaragaje ko hakenewe ishirahamwe ry’imitahe rishigikira abarimyi, hamwe n’inkingi z’ubuhinga mu guteza imbere ico giterwa.

picha-ndogo-ya-mwandishi by Twaha Ahmadi | Yanditswe 28/08/2025

← Subira Inyuma Rungika Ivyiyumviro

Sangiza Iyinkuru