Gitega, ku wa kane igenekerezo rya 28 Myandagaro 2025 — Umukuru w’Inama y’Abashingantahe ba CNDD-FDD, ari kumwe n’Umutambukanyi w'Umukuru w'Igihugu, yifatanije n’abagumyabanga bo mu ntara ya Gitega bari bakoraniye kw’ishure rya paramedical, mu gusenga kw’ukwezi kwose, ico gikorwa kiba buri wa kane wa nyuma w’ukwezi. Uwo musi warabaye akaryo ko gushimira Imana ku myaka 20 CNDD-FDD imaze iri ku butegetsi.
Mu majambo yashikirije, Umukuru w’Inama y’Abashingantahe yateye akamo ku batowe bashasha ngo:
- Bahindure ingendo n’ivyiyumviro
- Biyegereze abanyagihugu
- Bafate mu mutima impanuro z’ababarongoye
- Kandi baronke ukwizera Imana, kuko ari yo itanga inkomezi ku bayitoreye kurongora abantu bayo
Icivugo c'uwo munsi::“Ni Imana izofasha abatowe kurongora abarundi”
Umuvugabutumwa Intumwa Isidore Ntuyahaga yisunze icanditswe ca Yesaya 40:10
Aho Uwiteka yemeza ububasha bwiwe n’ukuba hafi y’umusavyi wiwe. Yasezeranye kumukomeza, kumushigikira, kandi yibutsa ko ata co gutinya igihe Imana iri kumwe na we.
Intumwa Isidore Mbayahaga nawe yateye akamo ku bagumyabanga ngo bigire inzira y’inkona:
- Kugira amaso abona kure
- Kudatsindwa n’ibigoye
- Gukora n’ukwihangana
- Kudafata ubuzima bubiri
- Gutora abo bafatanya n’ukuri
Yarangije ashimira kumyaka 20 y’ubuyobozi bwa CNDD-FDD, avuga ko ari ivyamwa vy’ukugira Imana hagati mu bikorwa vyayo. Ni uko uwo mugambwe washoboye gutsinda intambara zo mu gihugu no hanze, intambamyi n’ugutukwa, n’icubahiro, kandi uwo mugambwe urakwiye gushimwa.
by Twaha Ahmadi | Yanditswe 29/08/2025