CNDD-FDD yakoze yubire y'imyaka 20 iri k'ubutegetsi biciye mu masengesho y’ugushimira Imana i Gitega

Gitega, ku wa kane igenekerezo rya 28 Myandagaro 2025 — Umukuru w’Inama y’Abashingantahe ba CNDD-FDD, ari kumwe n’Umutambukanyi w'Umukuru w'Igihugu, yifatanije n’abagumyabanga bo mu ntara ya Gitega bari bakoraniye kw’ishure rya paramedical, mu gusenga kw’ukwezi kwose, ico gikorwa kiba buri wa kane wa nyuma w’ukwezi. Uwo musi warabaye akaryo ko gushimira Imana ku myaka 20 CNDD-FDD imaze iri ku butegetsi.

Mu majambo yashikirije, Umukuru w’Inama y’Abashingantahe yateye akamo ku batowe bashasha ngo:

Icivugo c'uwo munsi::“Ni Imana izofasha abatowe kurongora abarundi”

Umuvugabutumwa Intumwa Isidore Ntuyahaga yisunze icanditswe ca Yesaya 40:10
Aho Uwiteka yemeza ububasha bwiwe n’ukuba hafi y’umusavyi wiwe. Yasezeranye kumukomeza, kumushigikira, kandi yibutsa ko ata co gutinya igihe Imana iri kumwe na we.

Intumwa Isidore Mbayahaga nawe yateye akamo ku bagumyabanga ngo bigire inzira y’inkona:

Yarangije ashimira kumyaka 20 y’ubuyobozi bwa CNDD-FDD, avuga ko ari ivyamwa vy’ukugira Imana hagati mu bikorwa vyayo. Ni uko uwo mugambwe washoboye gutsinda intambara zo mu gihugu no hanze, intambamyi n’ugutukwa, n’icubahiro, kandi uwo mugambwe urakwiye gushimwa.

picha-ndogo-ya-mwandishi by Twaha Ahmadi | Yanditswe 29/08/2025

← Subira Inyuma Rungika Ivyiyumviro

Sangiza aya makuru: