Umuhuza w’Uburundi n’IYF: Imigambi y’iterambere ry’urwaruka

Rais Évariste Ndayishimiye akikutana na Dr. Révérend Ock Soo Park wa IYF, Yokohama – 20 Agosti 2025.

Yokohama, Ubuyapani – Itariki 20 Myandagaro 2025. Ku ruhande rw’Inama ya 9 ya TICAD (Inama Mpuzamakungu ya Tokyo ku bw’Iterambere ry’Afrika), Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Évariste Ndayishimiye, yarahuye na Dr Révérend Ock Soo Park, uwashinze Ishirahamwe Mpuzamakungu ry’Urwaruka (IYF) ryo muri Koreya y’Epfo.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye, yarahawe icubahiro co kwitwa “incuti y’urwaruka rw’isi”, yarashimangiye ko Reta yiwe yiyemeje gushira imbere iterambere ry’urwaruka rw’Uburundi. Ivyo biganiro vyibanze ku gushimangira imigenderanire hagati y’Uburundi na IYF, ishirahamwe rimaze igihe rishira mu ngiro imigambi y’urwaruka mu bihugu bitandukanye kw’isi.

Inyungu nyamukuru ku rwaruka rw’Uburundi

Muri iyo nama, IYF yarasezeranye gushira mu ngiro imigambi ikurikira mu Burundi:

Imigenderanire na PAEEJ bugamije gutuma urwaruka rw’Uburundi rubona akazi, ruteze imbere ubudandaji, kandi rwubaka kazoza karimwo icizere.

picha-ndogo-ya-mwandishi by Twaha Ahmadi | Yanditswe 19/08/2025

← Subira Inyuma Rungika Ivyiyumviro

Shiriki habari hii: