Tanzania n’itegeko rihagarika ubudandaji ku banyamahanga — Inyigisho ku mugabane wa Afrika

Raisi wa Tanzania Samia Hassan Suluhu

Mu gihe umugabane wa Afrika uriko uraharanira gusubiza ububasha bw’ubutunzi mu minwe y’abanyagihugu, ingingo ya Tanzania yo guhagarika zimwe mu bikorwa vy’ubudandaji buto ku banyamahanga yabaye ikiganiro gikomeye mu vya politike. Mbega ni intambwe nziza yo kurwanira amahirwe y’ubutunzi canke ni ingorane ku bw’iterambere ry’ubudandaji bwisanzuye muri Afrika ?

Tanzania yahagaritse ubudandaji ku banyamahanga Reta ya Tanzania, biciye ku mategeko mashasha y’Amasezerano y’Ubudandaji ya 2025, yaramenyesheje ko abanyamahanga batemerewe kwinjira mu bikorwa 15 vy’ubudandaji buto. Ivyo bikorwa birimwo:

Kwibuka: Uwuzofatwa arenga kuri ayo mategeko ashobora guhanwa n’okuriha amande gushika ku miliyoni 10 z’amashilingi, igifungo c’amezi 6, hamwe n’ukwamburwa visa canke uruhusha rwo kuba mu gihugu.

Gukingira isoko ry’imbere mu gihugu Ibihugu vyinshi bibona ko abanyamahanga bakora ubudandaji buto ata ruhusha, bikavya ihiganwa kubanyagihugu. Tanzania iriko iragerageza guhindura iyo ntumbero.

Ingingo z’ubutunzi zisobanutseAmategeko y’ubutunzi akwiye kuba asobanutse neza—atandukanya hagati y’urudandaza rukuru rikeneye gushigikirwa n’ubudandaji buto bukwiye gukorwa n’abanyagihugu.

Ubugenderanire bw’akarere ka Tanzania buri mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC), kubwivyo rero hakenewe kwitonda kugira ayo mategeko ntahonyange amasezerano y’ubudandaji bwisanzuye mu karere.

Mbega ibindi bihugu bikwiye kubikurikiza? Kenya na Uganda bikwiye kwihweza uko isoko ry’imbere rimeze imbere yo gufata ingingo nk’iyo.

Isesengura ry’ingaruka z’iyo ngingo ku bijanye n’akazi, amatagisi y’igihugu, hamwe n’imigenderanire mpuzamakungu ni ngirakamaro.

UMUSOZO Tanzania yafashe ingingo ikomeye yo gutandukanya ubudandaji bw’imbere n’ishusho y’abinjira hanze. Inyigisho ku mugabane wa Afrika ni iyi: kwubaka ubutunzi bukomeye bw’igihugu bisaba amategeko akomeye, politike y’ukuri, hamwe n’ukwiyemeza mu bijanye n’imigambi y’igihugu.

picha-ndogo-ya-mwandishi by Twaha Ahmadi | Yanditswe 31/07/2025

← Subira Inyuma Tanga Igitekerezo