Pretoria igenekerezo rya 18 Myandagaro 2025- Umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa niwe yaserukiye ibirori vyogutangura inama y'igihugu y'ubumwe, yabereye kwishure kaminuza ya Afurika y'epfo(UNISA), i Pretoria.Iyo nama ni igice c'umugambi wo kurwanya ibibazo bikomeye nk'ubushomeri,ubukozi bw'ikibi, n'ukutaraganya kubijanye n'imibano n'ubutunzi.
Mw'ijambo ryiwe ryo gutanguza,umukuru w'igihugu Ramapfosa yagarutse cane ku kamaro ko kuganira mumuco no mubwubatsi hagati y'abanyagihugu,abatwara politike,amashirahamwe yigenga,hamwe n'abikorera kugiti cabo.
Yavuze ati:"Dukeneye kurondera inzira y'ubumwe bwo kubaka igihugu kirimwo ubumwe n'amahoro."
Ariko rero,haramaze kwibonekeza ukutumvikana kuva kuntango hagati yamwe mu mashirahamwe y'imibano hamwe n'amatavuga rumwe n'ubutegetsi,bavuga ko iyo nama irimwo politike cane kurusha ibikorwa vy'umwuga. Hari n'abandi bagaragaje impungenge ko imigwi y'abantu basigaye inyuma itagiye ihabwa ijambo uko bikwiye.
Iyo nama izomara amezi 12,ikazobamwo inama zitandukanye mu ntara,ibiganiro vy'igihugu,kugira hategugwe inzira nshasha y'ubumwe bw'igihugu.
by Twaha Ahmadi | Yanditswe 14/08/2025