Umukuru w’igihugu c’u Burundi yagiye i Japani kwitaba Inama ya TICAD 2025

Gitega, 18 Myandagaro 2025 — Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Évariste Ndayishimiye, yagiye i Yokohama mu Buyapani kugira yitabe Inama Mpuzamakungu ya Tokyo ku bijanye n’Iterambere rya Afrika (TICAD).

Muri urwo rugendo rw’akazi, Umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yari kumwe n’umugore wiwe, Mama Angeline Ndayishimiye. Bagiye guhagararira Uburundi mu biganiro mpuzamakungu bijanye n’iterambere rirama muri Afrika.

Inama ya TICAD igamije gukomeza ubufatanye hagati y’Ubuyapani n’ibihugu vya Afrika mu bijanye n’ubutunzi, amagara y’abantu, inyigisho, hamwe n’imigenderanire. Uburundi buritezwe kuzoronka amahirwe mashasha y’ishoramari n’ubufatanye mpuzamakungu biciye muri iyo nama.

Nguvu-ya-ushirikiano-wa-kimataifa – Burundi-na-Japan-bega-kwa-bega.

Ivyiza Uburundi buzoronka biciye kuri TICAD 2025

Iyi nkuru yashikirijwe na:

Rosine Guilène Gatoni

Umuvugizi Mukuru w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi


Nguvu-ya-ushirikiano-wa-kimataifa – Burundi-na-Japan-bega-kwa-bega

TICAD Niiki ?

TICAD ni inama ikomeye ya politike yatangujwe n’Reta y’Ubuyapani mu 1993, igamije gukomeza ubufatanye hagati y’Ubuyapani n’ibihugu vya Afrika mu bijanye n’iterambere, ubutunzi, amahoro, n’imigenderanire mpuzamakungu.

Muri iyo nama, abategetsi b’ibihugu vya Afrika bahura n’abafasha mu bijanye n’iterambere kugira baganire ku migambi yo guteza imbere umugabane wa Afrika.

Nguvu-ya-ushirikiano-wa-kimataifa – Burundi-na-Japan-bega-kwa-bega

picha-ndogo-ya-mwandishi by Twaha Ahmadi | Yanditswe 19/08/2025

← Subira Inyuma Rungika Ivyiyumviro

Sangiza aya makuru: