Umushikiranganji w’Imigenderanire wa Hollande, Casper Veldkamp, yamenyesheje ko yatanze imihoho inyuma y’uko Reta y’imfatakibanza itashoboye kwumvikana ku ngingo zikomeye zo gufata ku gihugu ca Isiraheli kubera ibikorwa vya gisirikare vyabaye mu karere ka Gaza.
Mu Veldkamp yavuze:
“Ndiyumva ko nakingiwe mu gushira imbere intumbero mbona ko ikenewe nk’umushikiranganji w’imigenderanire.”
Iryo sanganya ryatumye haba ibiganiro bikomeye ku kuntu Hollande yitwara mu vya politike mpuzamakungu, ahanini ku bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’ukwiyemeza kw’ibihugu mu gihe c’intambara.
- Uko ibikorwa vya gisirikare vya Isiraheli vyatangura i Gaza, harabaye akamo k’amakungu ko guhagarika ubwicanyi bw’abanyagihugu.
- Amashirahamwe arwanira agateka ka zina muntu yarerekanye impungenge ku bijanye n’ukwica amategeko mpuzamakungu.
- Veldkamp yari mu bategetsi bake b’i Bulaya bashaka ingingo zigaragara ku gihugu ca Isiraheli.
Imihoho ya Veldkamp irabonwa n’abasesenguzi nk’ikimenyetso c’ukudahuza kwa politike mu gihugu ca Hollande ku bijanye n’intumbero z’imigenderanire n’ukwiyemeza mu vy’amahoro kw’isi.
by Twaha Ahmadi | Yanditswe 22/08/2025