Ishirahamwe ry’ikoranabuhanga ryo muri Amerika, Meta, ryarerekanye impungenge ko Irani ishobora guhagarika porogarama ya WhatsApp, inyuma y’ivyagirizo vy’ugusuma vyashikirijwe n’ibimenyeshamakuru vya Reta ya Irani.
Irani yagirije WhatsApp ko ikorana na Isirayeli mu gukoranya amakuru y’abanyagihugu, maze isaba abanyagihugu gusiba iyo porogarama. Meta yarahakanye ivyo vyagirizo, ivuga ko ubutumwa bwose kuri WhatsApp bwikingiwe n’uburyo bwa “end-to-end encryption”, kandi ata Reta n’imwe ishobora kubona ayo makuru.
Meta yaravuze iti:
“Dufise ubwoba ko aya makuru y’ibinyoma ashobora gukoreshwa nk’icitwazo co guhagarika serivisi zacu mu gihe abantu bazikeneye kurusha.”
WhatsApp na Instagram vyari vyarahagaritswe muri Irani mu 2022, ariko iyo ngingo yarakuweho inyuma y’amezi abiri. Abahinga mu bijanye n’umutekano w’ikoranabuhanga bavuga ko iyo ngingo ari igice c’imigambi ya Irani yo kwiyubakira ubwigenge mu bijanye n’ikoranabuhanga no kugenzura uburyo bwo guhanahana amakuru mu gihugu.
Incamake y’itangazo ry’abanyepolitike:
- Igihugu ca Kanada hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire bava mu bihugu 24 barasinye itangazo risaba ko intambara yo muri Gaza ihagarara ako kanya.
- Iryo tangazo ririyamiriza ubwicanyi bukorerwa abanyagaza bariko barondera imfashanyo y’abantu. Risaba Isirayeli gukura inzitizi zose ku bijanye n’ugutanga imfashanyo no kuronsa amashirahamwe y’abantu uburyo bwo gukora mu mutekano.
- Riranegura umugambi wa Isirayeli wo kwimura ku nguvu abanyagaza no kwagura uburaro bw’abimukira, ibintu bishobora kubangamira umuti w’ibihugu bibiri.
by Twaha Ahmadi | Yanditswe Julai 25, 2025